Uko wahagera

Batanu Barishwe mu Buraruko bwa Burkina Faso


Abantu batanu bishwe mu bitero bitari bike vyagizwe n’abikekwa kw’ar’intagondwa z’Abayisilamu mw’ijoro ryo ku musi wa mbere ryashiriye uno musis ku wa kabiri mu bice bitatu mu buraruko bw’igihugu ca Burkina Faso hafi y’urubibe na Mali. Ivyo bitangazwa n’abajejwe umutekano mur’ako karere.

Umutegetsi wo muri ako karere avuga kw’ivyo bitero vyagizwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.

Abagize ivyo bitero bashobora kuba ar’abagira iterabwoba, bagendera ku mapikipiki. Abasirikare n’igipolisi bararungitswe mur’ako karere uno musi ku wa kabiri.

Uburaruko bw’igihugu ca Burkina Faso hafi y’urubibe n’ibihugu vya Mali na Niger n’akarere kageramiwe n’ibitero vy’intagondwa z’abayislamu kuva mu mwaka w’i 2015.

Mu kwezi kwa gatatu, igikorwa ca gisirikare ahitwa Petega catumye umukuru w’abagira iterabwoba, Arouna Dicko yicwa.

Ababa mu karere ko mu buraruko bw Burkika Faso babayeho mu bwoba bwinshi kubera ibitero vyahitanye abasivile n’abasirikare batari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG