Uko wahagera

Intumwa ya ONU Isaba Guhagarika Intureka muri Yeruzalemu


Abanyepalestina bariko barahunga ivyuka vyakira bitewe n'abasirikare ba Israyeli, mu gisagara ca Yeruzalemu.

Intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ya ONU m’umugambi w’amahoro mu karere k’abarabu, Nickolay Mladenov, asaba ko haba gutorera umuti vyihuta ikibazo c’intureka zibera k’umusigiti wa Al-Aqsa, ahasanzwe hazwi kw’izina rya Mont du Temple, mu gisagara ca Yeruzalemu.

Mladenov yabwiye abamenyeshamakuru, inyuma y’umubonano wabereye m’umwiherero n’abagize inama y’umutekano ya ONU, ko ari vya ngombwa ko ico kibazo gitorerwa umuti imbere y’umunsi wo ku wa gatanu.

Mladenov yongeye avuga ko ingingo yashinzwe kuva mu gihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo itandatu n'indwi, I Yeruzalemu, yokingirwa. Yateye akamo abanyisrayeli n’abanyepalestina guhagarika ibikorwa vyo gusotorana, abasaba kwihangana.

Haraheze iminsi mike intureka ziyongereye hagati y’abanyisrayeli n’abanyepalestina, inyuma y’aho Israyeli ishiriye ibikoresho vyo kuzibira n’’ivyo gufata amasanamu mur’ico kibanza ceranda, bivuye ko hari abapolisi babiri ba Israyeli bahagandaguriwe n’abagabo batatu b’abanyepalestina.

Iyo ngingo Palestina yarayiyamirije, yongera kandi ituma intureka ziyongera kubacungereye umutekano mur’ico kibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG