Uko wahagera

Amerika mu Myiteguro yo Gutera Ikirwanisho Gitangira Misile


Ibirwanisho vya Amerika vyo gutangira misile.
Ibirwanisho vya Amerika vyo gutangira misile.

Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika batangaje ko bariko baritegurira gukora ikindi gitero co guhagarika misile ziterwa n’Igihugu ca Koreya ya Ruguru.

Ivyo vyatangajwe na Jeff Davis, umuvugizi w’igisirikare ca Amerika, kur’uyuwa mbere, aho yavuze ko ico kirwanisho kizoterwa vuba, giturutse m’uburaruko bushira uburengero bwa Alaska. Davis yavuze kandi ko ico ari igikorwa ca minsi yose, kugira bapime ko ivyo birwanisho bikora.

Ibikorwa nk’ivyo vyari vyakozwe mu ntango z’uku kwezi, inyuma y’aho Koreya yha Ruguru ikoreye igitero ca misile, catangajwe n’abahinga ko ar’igitero gishobora gushikira Reta ya Alaska.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG