Uko wahagera

Afrika n'Uburayi biriko Biriga ku bibazo vy'Abimukira


Abimukira imbere y'ikigo c'abimukira mu gisagara ca Paris, m'Ubufarnasa.
Abimukira imbere y'ikigo c'abimukira mu gisagara ca Paris, m'Ubufarnasa.

Abashikiranganji bajejwe intwaro yo hagati bo k’umugabane w’Uburayi n’uwa Afrika bari mu nama mu gihugu ca Tuniziya, mu ntumbero yo kuganira ku kibazo c’abimukira bava k’umugabane wa Afrika binjira k’umugabane w’Uburayi, baciye mw’ibahari meditarane. Abenshi mur’abo bimukira bakaba baturuka mu gihugu ca Libiya.

Mw’itangazo abo bashikiranganji basohoye kur’uyu wa mbere, k’umurwa mukuru wa Tuniziya, batangaje ko bumvikanye k’uburyo bagiye kubikora, harimwo no kumenyesha abimukira ku ngaruka zo kugerera bidaciye mu mategeko, gusubira iyo baje bava k’ubushake bwabo, mu kwibaza kandi igituma abimukira bava mu bihugu vyabo bakongera bakagwiza urudandaza rw’abantu.

Abashikiranganji bitabiyi iyo nama bava mu bihugu vya Algerie, Autriche, Tchad, Misiri, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Malte, Nijeri, Slovanie, Tuniziya na Estonie.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Igihugu vya Buraya rimenyesha ko ryemeye gutanga inyigisho n’amafaranga kugira imbibe z’Igihugu ca Libiya zishobore gucungerwa kurusha.

Abimukira bashika ku bihumbi mirongo umunani na bine nibo binjiye m’Ubutaliyano mu kiringo c’amezi atandatu ya mbere y’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG