Uko wahagera

Amerika mu Nzira ko Gufatira Uburusiya Ibindi Bihano


Inyubakwa y'inama nshingamateka y'Amerika
Inyubakwa y'inama nshingamateka y'Amerika

Kongere ya Reta zunze ubumwe z’Amerika iri mu nzira yo kwemeza ibindi bihano bishasha k’Uburusiya kubw’ukwivanga mu matora yo mu 2016, ibihano kuva kur'uyu w'Imana bitari bwamenyekane ko Perezida Donald Trump yiteguye kuzovyemeza imbere yuko bija mu ngiro.

Bamwe mu bashingamateka b'abarepublikani n’abademokrate basanzwe bafise igihagararo kinini k’umusi wa gatandatu niho bemeranya ivyo bihano, ibihano bitorohereza Trump aho we yashaka ko Uburusiya bwotezurirwa.

Iyemezwa ry’ivyo bihano ritegekanijwe kur’uyu wa kabiri k’uruhande rw’abashingamateka mugihe abasenateri bo baza baramaze kubishigikira.

Mwomenya ko Trump amaze igihe asa n’uwutemera amatohoza ariko arakorwa k’uruhara Uburusiya bwoba bwaragize kugira bumufashe gutsinda amatora.

Mur’ivyo bihano bishasha k’Uburusiya harimwo no guhana Uburusiya kubw’uko bwigaruriye intara ya Crimea yegukira Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG