Uko wahagera

Abimukira 9 Bapfiriye I Texas


Abaporisi b'i San Antonio, muri Texas bari hafi y'ikamyo yatowemwo ibiziga vy'abimukira

Igiporisi co muri reta ya Texas muri Reta zunze ubumwe z'Amerika kivuga ko catoye ibiziga vy’abantu umunani bashobora kuba ar’abimukira mu gatondo ko kur’uyu w’Imana.

Abo bantu bari bugaraniwe mu kamyo yar’ihagaze mu gituro c’imodoka, mu gisagara ca San Antonio. Uwugira icenda nawe yasandabiye mu bitaro.

Igiporisi kimenyesha kandi ko mur’iyo kamyo casanzemwo abandi 30 bari bagihema mur’abo harimwo abana babiri b’abanyeshure.

Abo bantu bashobora kuba bishwe n’ubushuhe no kubura ihemero. Abategetsi bo mu bitaro ahatwawe abo bari bagikomeye bavuga ko 20 muri bo baremvye cane.

Amatohoza yatanguye avuga ko bariko baraba ko boba ari abimukira bari binjijwe muri Amerika mu buryo butemewe n’amategeko nkuko bishikirizwa n’igiporisi.

Umugabo w’imyaka 60 ava mu ntara ya Florida, avugwa ko ariwe yar’umudereva w’iyo kamyo yarafashwe, abategetsi bavuga ko ashobora kurengutswa imbere ya sentare kur’uyu wa mbere.

Nta mazina y’abo bimukira arashirwa ahabona. Igisagara ca San Antonio kiri hafi y’urubibe rw’Amerika k’uruhande rwa Mexico.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG