Uko wahagera

Ubwoba Mu Barundi Bahungiye Tanzaniya


Perezida John Magufuli wa Tanzaniya yatangaje ko ata mpunzi izirukanwa ku nguvu
Perezida John Magufuli wa Tanzaniya yatangaje ko ata mpunzi izirukanwa ku nguvu

Impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya zivuga ko zitewe umutima uhagaze n’amajambo aherutse gushikirizwa n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya babahamagariye gutahuka.

Bamwe muribo babwiye Ijwi ry’Amerika ko bafise ubwoba ko bashobora kwirukanwa umwanya uwariwose.

Impunzi z’Abarundi ziri mu nkambi za Nduta hamwe na Mtendeli zivuga ko inyuma y’urugendo rw’umukuru w’igihugu cabo I Ngara muri Tanzaniya, basigaranye ubwoba.

Izo mpunzi zimenyesha ko zifise amakenga ko inyuma yayo majambo bashobora kwirukanwa ku nguvu. Bavuga ko bibibutsa ivyabaye mu mwaka w’2012 mw’ikambi y’impunzi ya Mtabila aho impunzi z’Abarundi zirukanywe ku nguvu.

Mugihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza bahumurije ko hari umutekano, izo mpunzi zozo zivuga ko zifise amakuru akwiye y’umutekano muke utuma batohunguka vuba.

Naho biruko, hari urutonde rw’abantu barenga 15,000 biyandikishije bifuza gutahuka. Urwo nurubanitse mw’ikambi y’impuzi ya Nduta gusa. Abari kururwo rutonde bavuga ko ahubwo bobo bumvise bahumurijwe.

Abo, bamenyesha ko urugendo rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi rwaje nk’inyishu kucifuzo cabo co gusubira iwabo. Gusa basaba ko boronswa imfashanyo yo kubafasha mu minsi yambere bamaze gushika mu gihugu cabo.

Ikindi basaba n’uko utwo basize twocungerwa neza maze bagasanga tukiri twose.

Kurabo basavye gutaha, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri Tanzaniya yavuze ko imyiteguro igeze kure kugira batahukanwe. Nayo kubatarabishaka nabo, umukuru w’ico gihugu John Pombe Magufuli yatangaje ko atanumwe azirukanwa ku nguvu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:32 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG