Uko wahagera

Abanyesomaliya 114 Bari Imbohe muri Etiyopiya Bashitse Iwabo

FILE - Somali diplomat Mohamed Ali Nur, pictured in an interview in Nairobi in September 2013, thanked Ethiopia for releasing 114 prisoners. "Only six Somalis remain in the Ethiopian jails, and we have agreed that they will soon be released," he said.

Abanyesomaliya barenga 100 baheruka kurekurwa aho bari bafungiwe mu mabohero muri Etiyopiya kur’uyu wa gatandatu niho bashika I Mogadishu, ivyo vyashikirijwe n’abategetsi ba Somaliya.

Abategetsi ba Somaliya bavuga ko abo banyororo uko bari 114 bari bafungiwe mu mabohero muri Etiyopiya bagirizwa ivyaha bitandukanye harimwo no kuja mur’ico gihugu mu buryo butisunze amategako.

Jamaludin Mustafa Omar, aserukira Etiyopiya muri Somaliya yari kumwe na bo kuva muri Etiyopiya yatangaje ko ico gikorwa ar'ikimenyetso ubucuti buri hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.

Irekurwa ryabo ribaye inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya Hassan Ali Khayre na mugenzi we wa Etiyopiya, Hailemariam Desalegn, igihe bari mu nama ya 29 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’Afrika iheruka kubera I, Addis Ababa muri Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG