Uko wahagera

RDC: Ikirangamisi co Gukura Kabila k'Ubutegetsi


Abahurikiye m'urunani Rassemblement mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kinshasa, RDC, 22 avril 2017.
Abahurikiye m'urunani Rassemblement mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kinshasa, RDC, 22 avril 2017.

Abatavugarumwe n'ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kur’uyu wa gatandatu barashize ahabona ikirangamisi c’ibikorwa bimirije gukora kugira bagondoze perezida Joseph Kabila ave k’ubutegetsi.

François Muamba, yasomye itangazo ry'ivyo biyemeje kuzokora, avuga ko ku matariki ya 8 na 9 z’ukwezi kw’umunani 2017 bazohagarika imirimo mu bisagara, kw’italiki ya 20 batunganye amakoraniro nayo kuva kw’italiki ya 1 z’ukwezi kw’icumi basabe abanyagihugu kugarariza ubutegetsi.

Iryo tangazo ryasohorewe I Kinshasa, inyuma y’inama yabaye kuwa gatanu no kuwa gatandatu, y’urunani ruhurikiyemwo abatavugarumwe n’ubutegetsi, "Rassemblement".

Bavuga ko mugihe Kabila atotumako amatora kuwa 30 z’ukwezi kw’icenda, ntazoba acitwa umukuru w’igihugu inyuma y’aho.

Bahamagarira abakongomani bashika imiliyoni kutariha amatagisi n’amafagitire y’amatara n’amazi kuma sosiyete ya reta ari mur’ivyo bisata

Mwomenya ko Kabila ari k’ubutegetsi kuva mu mwaka wa 2001 kandi ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ciwe ntirimwemerera gusubira kwitoza, ikiringo ciwe kigira kabiri carangiranye n’itariki ya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG