Uko wahagera

Susan Rice Yabonanye n'Umurwi Ujejwe Amatohoza k'Uburusiya


Susan Rice, yahoze ar'umuhanuzi muvy'umutekano k'urwego rw'Igihugu, ku ntwaro ya Barack Obama.
Susan Rice, yahoze ar'umuhanuzi muvy'umutekano k'urwego rw'Igihugu, ku ntwaro ya Barack Obama.

Susan Rice yahoze ar’umuhanuzi muvy’umutekano k’urwego rw’Igihugu yabonanye n’umurwi ujejwe gukora amatohoza mu nama nkenguzamateka, mu gihe uwo murwi uriko urakora amatohoza k’ukwivanga kw’Uburusiya mu matora ya Amerika. Abategetsi batari bake bo ku ntwaro ya Barack Obama baravuganye n’uwo murwi mur’iyi ndwi.

Umuvugizi wa Rice yemeje k’uwo mubonano wabaye kur’uyu wa gatanu, m’umwiherero, avuga ko ashima igikorwa co gukorana n’uwo murwi mur’ayo matohoza. Yamara ni mu gihe abashingamateka b’aba Republikani hamwe na Prezida Donald Trump bagiriza Rice ko yatanze amazina y’abakoranye na Prezida Trump bari mu vyegeranyo vy’ayo matohoza. Ivyo birego Rice arabihakana.

Mu ndwi iza, bitegekanijwe ko abategetsi bakorera mu biro kwa Prezida Trump bitaba uwo murwi, harimwo umuhungu mukuru wa Prezida Trump, Donald Trump Jr, Paul Manafort, yararongoye imyiyamamazo ya Prezida Trump, umukwe wa Prezida Trump, hamwe n’umuhanuzi mukuru wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG