Uko wahagera

USA: Amafaranga Akoreshwa ku Bimukira Azogabanywa


Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rya Prezida Trump, ku bijanye n'abimukira.
Imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rya Prezida Trump, ku bijanye n'abimukira.

Abakenguzamateka babiri ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baturuka m’umugambwe w’aba Republikani, David Perdue na Tom Cotton, bariko barakorana n’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika ku bijanye n’itegeko ryerekeye amafaranga akoreshwa mu gisata c’abimukira. Ivyegeranyo bivuga ko azogabanywa incuro zibiri.

Iryo tegeko risubiwemwo inyuma y’iryari ryasubiwemwo mu kwezi kwa kabiri, ryategekanya kugabanya igitigiri c’abimukira binjira k’umwaka, k’ubutaka bwa Amerika. N’itegeko kandi rigabanya abantu binjira bakurikiye incuti zabo, rigakuraho tombola y’impapuro zo kuba muri Amerika, Green Card, rikongera rigahindura ibijanye no kuronswa impapuro z’akazi n’ibindi.

Abo bakenguzamateka bavuga yamara ko iryo tegeko ritobanezereza ari hamwe rigabanije igitigiri c’abimukira barekuriwe kuza muri Amerika, bivuye ko abo bimukira batuma umwimbu wa Amerika uduga. Bavuga kandi ko mu gihe baba bariko barakora binjiza amakori, aheza agakoreshwa mu kigega ca Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG