Uko wahagera

Senateri John McCain Yatowe Kanseri yo mu Bwonko


Senateri John McCain, wo mu mugambwe w'Abarepublikani
Senateri John McCain, wo mu mugambwe w'Abarepublikani

Senateri John McCain wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, yatowe Kanseri yo mu bwonko kuva kur’uyu wa gatatu.

Ubushakashatsi muvy’ubuganga bwerekana ko iyo kanseri iri mu bwoko bw’izimukira mu bindi bice vy’umubiri ningoga na ningoga.

Abaganga bariko baramukurikirana aho arwariye mu bitaro vyo mu gisagara ca Phoenix, muri reta ya Arizona bavuga ko bakuye mu bwonko kanseri babonye kandi ko babandanya bamuvura.

Ikigo c’Amerika gikora ubushakashatsi kuri Kanseri kivuga ko abarwaye ubwo bwa Knseri yo mu bwoko bwa gliobastoma bafise imyaka irenga 55 bahabwa amahirwe ko kubaho k’urugero rwa kane kw’ijana (4%).

McCain, azwi nk’umuhizi yigeze kurwana mu ntambara muri Vietnam, amaze imyaka 30 muri sena y’Amerika.

Amaze kubangamirwa n’amagara akatari gake, aho yigeze no kurwara Kanseri ifatira k’urukoba, ivyo vyose vyatewe n’igihe yamaze ar’imbohe muri Vietnam mu myaka y’1967 n’1973.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG