Sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahagaritse vy’agateganyo kwakira abantu basaba ubuhungiro muri Amerika, gushika sentare ihejeje kwiga kur’ico kibazo.
Sentare nkuru yemeje kur’uyu wa gatatu, ivyasabwe n’ibiro vya Prezida Donald Trump, ku bijanye no guhagarika impunzi, m’urwego rw’itegeko rihagarika ingenzi zituruka mu bihugu bitandatu vy’aba isilamu.
Abacamanza bemeje kandi ingingo ya sentare yashinzwe mu minsi iheze ku bijanye n’urutonde rugizwe n’incuti za hafi z’impunzi, zemerewe kwinjira k’ubutaka bwa Amerika. Ingenzi zituruka mu bihugu vya Irani, Iraki, Libiya, Somaliya, Sudani, Siriya na Yemeni zirashobora kwinjira mu gihe zerekanye iyo migenderanire.
Sentare nkuru yatangaje ko izokwumviriza urubanza rujanye n’ivyo bibazo vyo kubuza abimukira gufata ingendo, kw’itariki ya cumi, z’ukwezi kw’icumi.
Facebook Forum