Uko wahagera

Amerika Yiteguye Gufatira Ibihano Venezuela


Prezida Nicolas Maduro wa Venezuela, ariko asigura k'urwandiko ruzoba rugize ibwirizwa shingiro rishasha.

Muri Venezuela, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Samuel Moncada, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko igihugu kibandanya umugambi waco ujanye no gutora abanywanyi b’inama nshingamateka. Ni mu gihe Amerika igabisha Venezuela ko ishobora kuyifatira ibihano bishasha, ikongera ikihweza gushasha imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

Moncada yavuze kandi ko Venezuela iriko irihweza neza imigenderanire ifitaniye na Amerika, akavuga ko itazokwemera gutyozwa n’amakungu.

Abategetsi ba Amerika batangaje kur’uyu wa kabiri ko biteguye gushira mu ngiro, m’uburyo bwihutirwa, ibihano vy’ubutunzi vyatangajwe na Prezida Donald Trump, mu gihe Prezida Nicolas Maduro wa Venezuela yokoresha amatora yo gushinga inama nshingamateka idasanzwe, kw’itariki ya mirongo itatu, z’uku kwezi kw’indwi.

Abatavuga rumwe na Reta baratunganije amatora kur’uyu w’Imana, abantu barenga imiliyoni indwi bakaba barayitabiriye, basaba Prezida Maduro kuvavanura n’umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Kur’uyu wa kane, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakaba kandi barateye akamo abanyagihugu kwitabira imyiyerekano yo kuremera Prezida Maduro kugira ahagarike uwo mugambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG