Uko wahagera

Burkina Faso na Cote d'Ivoire mu Kurwanya Iterabwoba


Burkina Faso na Cote d’Ivoire, ibihugu bibiri bigeramiwe n’ibitero vy’iterabwoba bishaka kurirwaniriza hamwe. Ivyo vyemejwe n’abakuru b’ivyo bihugu vyompi, Roch Marc Christian Kabore na Alassane Ouattara, uno musi ku wa kabiri, ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou.

Abo bakuru b’ibihugu bompi batangaje ko bategerezwa guhangana, bari hamwe, n’ibibazo vy’abimukira, iterabwoba, ubugizi bwa nabi ndengeramipaka hamwe n’ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi.

Ivyo vyatangajwe na perezida wa Cote d’Ivoire, Alassane Ouattara igihe hatanguzwa inama y’ugufashanya hagati y’igihugu ciwe na Burkina Faso.

Perezida wa Burkina Faso, Roch Marc Christian Kabore yatangaje ko gukorera hamwe mu mugambi w’ukugabanya umutekano muke ugeramira bikomeye utwigoro twerekeye iterambere tw’igihugu ciwe na Cote d’Ivoire, ar’ibintu bifise akamaro gakomeye kandi vyihutirwa.

Yamenyesheje ko bategerezwa gutsinda urugamba rw’ukurwanya iterabwoba, ubugizi bwa nabi ndengeramipaka hamwe n’uburyo bwose ivyiyumviro vy’intagondwa vyibonekezamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG