Uko wahagera

Pravin Gordhan Arasaba Jacob Zuma Kwegura


Pravin Gordhan yahoze ar’umushikiranganji ajejwe ikigega muri Afrika y’epfo, yasavye mu bubaye ubwa mbere, uno musi ku wa kabiri, ko Perezida Jacob Zuma atanga imihoho.

Gordhan yirukanywe mu mabanga yiwe mu kwezi kwa gatatu. Yifatanije n’indongozi zitari nke z'umugambwe uri ku butegetsi, ANC, n’abayobozi bw’amashirahamwe y’ubudandaji basavye ko Zuma ava ku butegetsi.

Gordhan avuga ko Perezida Zuma yotegerezwa kuva ku butegetsi akarekera abandi amabanga y’ukuyobora igihugu. Ivyo kugira cubahirize ivyifuzo vya Nelson Mandela yahoze arongoye Afurika y’epfo n’abo bafatanije urugamba rw’ukurwanya intwaro kadyanishamiryango ya apartheid.

Ivyo Pravin Gordhan yabitangaje ku musi witiriwe Mandela, uhimbaza italiki y’amavuko yiwe mu mwaka w’i 1918.

Abanyagihugu baratakaje icizere bari bafitiye umugambwe ANC kubera barambiwe n’amarorerwa yerekeye Perezida Zuma, n’ubutunzi bwifashe nabi cane mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG