Uko wahagera

Amerika Izokwongerereza Abakozi Baturuka mu Mahanga


Reta Zunze Ubumwe z Amerika ikeneye abakozi benshi baturuka mu mahanga kugira amashirahamwe amwe amwe ashobore kubandanya gukora. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba Amerika, kur’uyu wa mbere.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano wo hagati mu gihugu bwatangaje ko bugiye gusohora impapuro z’ingenzi, visa, zo m’umurwi H-2B, zishika ku bihumbi cumi na bitanu, ziyongera kuzari zitegekanijwe. Ivyo ngo ni kugira amashirahamwe ashobore kuronka abakozi batari mu gisata c’uburimyi, mu kiringo kitarenze amezi atandatu, imbere y’uko itariki ya mirongo itatu z’ukwezi kw'icenda zigera.

Mw’itangazo Umushikiranganji John Kelly yasohoye, avuga ko ar’igikorwa kigenewe gufasha kuduza umwimbu. Mu gihe Reta irongowe na Prezida Donald Trump yamye ishir’imbere umugambi wo guha akazi abanyagihugu bayo, imbere y’abandi, umuvugizi muri Departema ya Amerika yavuze ko abo bakozi batongerejwe bishobora kugira ingaruka mbi ku mashirahamwe ya Amerika.

Umugambi wo kuronsa impapuro z’ingenzi abakozi baza gukora vy’agateganyo, muri Amerika, wakira abantu batarenga ibihumbi mirongo itandatu na bitandatu. Amashirahamwe asabwa kuzobanza kwerekana ko ata bakozi bariho b’abanyamerika, bashoboye gukora ako kazi, imbere y’uko yemererwa gutanga akazi ku banyamahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG