Uko wahagera

Ibiziga vy'Abasilikare Umunani ba Mali Vyatowe


Ibiziga vy’abasirikare umunani bo mu gihugu ca Mali, irengero ryabo ritari rizwi gushika ubu, vyatowe inyuma y’ibibonwa kw’ar’igitero c’abarwanyi b’abayislamu cabaye kw’italiki icenda z’ukwezi kw’indwi. Abo basirikare baguye mu mutego mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Yamara gushika ubu, irengero ryabo ntiryari rizwi.

Umusirikare wo ku rwego rw’intwazangabo w’igisirikare ca Mali, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, kw’ibiziga vy’abo basirikare bazimanganye inyuma y’ugutana mu mitwe n’abagira iterabwoba kwabereye hafi y’ahitwa Menaka vyatowe uno musi ku wa mbere.

Igisirikare ca Mali nticoroherwa mu bikorwa vy’ukurwanya intagondwa z’abayislamu kidafise ibikoresho bihagije. Ivyo naho izo nteko zishigikiwe n’inteko z’Ubufransa hamwe n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG