Uko wahagera

Ibitazwi ku Nama Trump Jr Yagiranye n'Abarusiya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump abandanya gukingira ikibaba umuhungu wiwe mukuru, Donald Trump Jr. ku vyerekeye inama yagiranye n’umurusiyakazi yanonosoye ibijanye n’amategeko, Nataliya Veselnitskaya.

Donald Trump Junior yari yiteze ko Veselnitskaya amuha amakuru atoza Hillary Clinton, umukandida w’umudemokrate yahiganwa na se wiwe mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka uheze.

Perezida Trump yatangaje, uno musi ku wa mbere abicishije ku rubuga Twitter, kw’abanyepolitike batari bake bari kuja mu nama nkiyo umuhungu wiwe yagiyemwo kugira aronke amakuru avuga nabi uwo bahiganwa.Trump amenyesha kw’uko ariko politike imeze.

Perezida Trump yaragerageje incuro zitari nke gusuka mabisi ku binebaguro ku nama umuhugu wiwe, Trump Jr. yagiranye n’umurusiyakazi yanonosoye ivyerekeye amategeko, Natalia Veselnitskaya mu kwezi kwa gatandatu, umwaka w’2016.

Donald Trump Jr. yemeye iyo nama inyuma yuko bwiwe ko Veselnitskaya yari umushingwamanza wa Reta y’igihugu c’Uburusiya yari kumuha amakuru atyoza Hillary Clinton mu kigoro k’ugufasha si wiwe gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG