Uko wahagera

Irani Yaciriye Umunyororo w'Imyaka 10 Umunyamerika


Umucamanza Muri sentare ya Irani
Umucamanza Muri sentare ya Irani

Umunyamerika yagirizwa gusuma urusaku yaraciriwe umunyororo w’imyaka cumi muri Irani. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu w’Imana n’ubutungane bw’ico gihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru Mizanonline, ryegukira ubutungane bwa Irani ryatangaje ko uwo yahagaritswe yitwa Xiyue Wang, kandi afise ubwenegihugu bw’Amerika n’ubw’Ubushinwa kuko ngo yavukiye I Pekin.

Ayo makuru avuga kandi ko yariko atororokanya amakuru y’ibanga kuri Irani yaha umurwi w’abashakashatsi bakorera deparotema ya reta y’Amerika, aribwo bushikiranganji bw’imigenderanire mu yandi majambo.

Iyo Deparotema, mw’itangazo yashikirije iremeza ayo makuru y’Umunyamerika afungiwe muri Irani igasaba ko Abanyamerika bafungiwe mur’ico gihugu borekurwa bagataha mu miryango yabo.

Uwo aje yiyongera ko bandi Banyamerika babiri bafise amamuko muri Irani baciriwe umunyororo w’imyaka 10 bagirizwa gusumira urusaku Amerika.

Amerika isaba Irani gufasha kurondera Robert Levinson, yahoze akorera ibiro vy’inyamiramabi vya FBI, yanyurujwe muri Irani kuva m’umwaka w’2007.

Imigenderanire hagati ya Irani n’Amerika yatanguye gutituka kuva m’umwaka w’1980, biza kwunyurwa n’umuzo wa Donald Trump aho afatanije n’inama nshingamateka yaciye afata ingingo zikomeye kuri Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG