Uko wahagera

Turukiya: Abakozi ba Reta 7,000 birukanywe mu kazi


Prezida Tayyip Erdogan wa Turukiya
Prezida Tayyip Erdogan wa Turukiya

Muri Turukiya, abapolisi, abakozi ba Reta hamwe n’abigisha ba Kaminuza bashika ku bihumbi indwi birukanywe mu mirimo yabo, kur’uyu wa gatanu, inyuma y’umwaka umwe uhaciye habaye igikorwa co kugomba guhirika ubutegetsi.

Itegeko ryasohowe na Reta, mu kinyamakuru ca Reta la Gazette, rivuga ko abapolisi bahagaritswe mu mabanga yabo, harimwo n’abategetsi bakomeye, bashika ku bihumbi bibiri n'amajana atatu na batatu, n’abarenga ku majana atatu bakorera muri Kaminuza.

Reta ya Turukiya yagiriza igikorwa co kugomba guhirika ubutegetsi umu isilamu Fettulah Gulen, amaze imyaka irenga icumi yatse ubuhungiro muri Amerika. Yamara Gulen arahakana ivyo vyagirizo bimuriko.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Turukiya, bavuga ko Reta irongowe na Erdogan itwaz’igitugu, mu gihe Prezida Erdogan avuga ko ar’uburyo bwo kurinda umutekano wa Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG