Igipolisi muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo catangaje ko har’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho n’imbugita wateye mw’isoko rikuru, k’umurwa mukuru w’Igihugu, i Kinshasa, wica abantu babiri, wongera ukomeretsa n’abapolisi batandatu.
Pierrot Mwanamputu, umuvugizi w’igipolisi yatangaje ko abo barwanyi bataramenyekana, kandi ko mubahitanywe n’ubwo bwicanyi, harimwo umukuru w’iryo soko rikuru ry’i Kinshasa, hamwe n’umupolisi umwe.
Amaduka n’izindi nyubako ziri kw’isoko nkuru y’I Kinshasa vyahavuye vyugara, inyuma y’aho abasirikare n’abapolisi bakwiragijwe mur’ico kibanza ku mvo z’umutekano.
Mwanamputu amenyesha ko umutekano wagarutse, kandi ko umwe mur’abo barwanyi yafashwe. Gushik’ubu nta murwi numwe uriyitirira ico gitero
Facebook Forum