Uko wahagera

Prezida Kiir Yakomboye Abacamanza Barenga 10


Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko
Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko

Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko yakomboye mu mabanga abacamanza barenga cumi, bari bakoze yegereyegere m’ukwezi kwa gatanu, basaba akarusho mu gahembo, hamwe n’ibindi bari bakeneye m’ukurangura akazi kabo ka minsi yose.

Itegeko rya Prezida Kiir ryasohotse k’umugoroba wo k’umunsi wa gatatu kuri televiziyo y’Igihugu. Michael Makuei, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru, yatangaje avuga ko ata nsiguro atanga ku bijanye n’ikomborwa ry’abo bacamanza, mu gihe Reta iriko iritegurira gutunganya ibiganiro bizohuza abanyagihugu, kugira yishure ku bibazo vyabo.

Modi Ezekiel, umuhinga muvy’ubutungane aho muri Sudani y’Ubumanuko avuga ko ivyo bihonyanga ukwidegemvya kw’ubutungane. Modi avuga ko yatangajwe n’ingingo ya Prezida Kiir, bivuye ko abacamanza basanzwe ari bake mu gihugu. Avuga kandi ko abakiri bato badahurumbira uwo mwuga kubera umushahara muto uri mur’ico gisata.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG