Uko wahagera

Imirwano Yongeye Kubura muri Sudani y'Epfo


Abategetsi ba ONU batangaza ko abasirikare ba reta ya Sudani y’epfo bariko baregereza icicaro gikuru c’abagwanyi bayobowe na Riek Machar yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu.

David Shearer, umukuru w’ibiro vya ONU muri Sudani Y’epfo, yavuze ko abasivile bashika kubihumbi n’ibihumbi bataye ingo zabo muduce turi mu reta ya Upper Nile, igihe abasirikare batera begera ikambi y’abarobeli iri mukigwati ca Pagak muburaruko bushira ubuseruko.

Ejo ku musi wa gatatau niho Shearer yabwiye abamenyesha makuru ku mugwa mukuru wa Juba yuko hamaze imisi hari itana mumitwe rikomeye ririko riraba hagati y’abasirikare ba reta batazigwa SPLA hamwe n’abagwanyi batavuga rumwe n’ubutegetsi batazigwa SPAL-IO.

Izo mpande zompi muri ntambara ziremeza kw’iryo tana mumitwe iriko iraba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG