Uko wahagera

Lula Yahoze Ayoboye Brezil Yagirizwa Kurya Ibiturire


Luiz Inacio Lula da Silva, yahoze ayoboye Igihugu ca Brezil

Luiz Inacio Lula da Silva, yahoze ayoboye igihugu ca Brezil yagirizwa n’ubutungane kurya ibiturire, no kunyuruza amafaranga, yasabiwe umunyororo w’imyaka icenda n’igice. Lula yahakanye ibirego vyose bimuriko. Azobandanya kwidegemvya mu gihe azoba akiriko aritaba ubutungane.

Sergio Moro, umucamanza w’igihugu avuga ko Lula yagirizwa ko yanyuruje amafaranga angana n’umuliyoni w’amadolari, akavuga ko ayo mafaranga yakoreshejwe m’ugusanura inzu yiwe iri ku nkengera y’ibahari.

Lula avuga ko ivyo yagirizwa ataho bifatiye, ar’ibinyoma. Akavuga kandi ko nyabuna afitaniye ibibazo n’umucamanza w’Igihugu Moro. Ni mu gihe abo bagabo ukw’ari babiri basanzwe bafatwa nk’abantu bemewe cane aho muri Brezil.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG