Uko wahagera

Iradiyo y'Uburusiya Sputnik Yatanguye Ibiganiro muri Amerika


Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya uruganda rw'ibimenyeshamakuru
Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya uruganda rw'ibimenyeshamakuru

Sputnik, iradiyo y’Abarusiya yatanguye ibiganiro vyayo vya mbere, hano I Washington DC, mu ntumbero yo gushikira Abanyamerika, muvyo yise ayandi amakuru. Ico kinyamakuru kivuga ko kije guha ijambo imirwi y’inkehwa, idashikirwa n’ibindi binyamakuru bikomakomeye.

Abavyihweza bavuga ko ico kinyamakuru ar’igikoresho ca Reta y’Uburusiya, kandi ko gifise intumbero yo gusambura intwaro zindi. Abakozi b’iyo radiyo bavuga ko ibiganiro vyabo bizofasha abanyamerika kwiyumvira amakuru y’imvaho, atar’ayo babariwe.

Ibiro vy’ikinyamakuru c’abarusiya Sputnik vyatanguye ibikorwa vyavyo mur’iyi ndwi. Birahakana ko bitavugira Reta y’Uburusiya, kandi ko bidahabwa amategeko n’iyo Reta.

Robert Orttung, umwigisha muri Kaminuza ya George Washington hano muri Amerika, aramirira kure izo nsiguro. Orttung avuga ko ar’umugambi w’Uburusiya wo kwonona demokrasi n’ivyiyumviro vy’abanyagihugu ba Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG