Uko wahagera

Kenya: Abanyepolitike Barinuba Ubutungane mu Matora


Imyiyamamazo y'urunani, Jubelee, ruhurikiyemwo imigambwe iri k'ubutegetsi.
Imyiyamamazo y'urunani, Jubelee, ruhurikiyemwo imigambwe iri k'ubutegetsi.

Abacamanza mu gihugu ca Kenya bamenyesha ko ibikorwa vy’abanyepolitike vyo kugerageza kurengera ubutungane bishobora guhungabanya igihugu mu matora ategekanijwe kuba m’ukwezi kuza. Ni mu gihe abakandida b’urunani ruri muri Reta, Jubilee, harimwo na Prezida Uhuru Kenyatta, bagirije ama sentare ko ahengamiye k’uruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abanyepolitike bamwe bamwe aho muri Kenya bavuga ko batizeye ukwidegemvya kw’ubutungane muri kino gihe bariko baritegurira amatora. Isaac Okero, arongoye urunani rw’abacamanza muri Kenya avuga ko ivyo birego biri ku ma sentare bitegerezwa guhera.

K’umunsi wa gatanu, sentare nkuru yaratangaje ko umurwi ujejwe gutunganya amatora utegerezwa gusubiramwo amakarata y’amatora. Sentare ivuga ko ico gikorwa kirimwo utunenge, kandi ko kitabereye k’umugaragaro. Ingingo zafashwe na Sentare ntizanezereje urunani rw’imigambwe iri k’ubutegetsi, rwagiriza ubutungane ko buriko burakorana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kandi ko buriko burarengera igikorwa c’umurwi ujejwe gutunganya amatora.

Abakurikirana ivya politike muri Kenya bavuga ko ihiganwa ry’amatora y’umukuru w’igihugu ryegeranye cane hagati ya Prezida Kenyetta na Raila Odinga, aserukira imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG