Uko wahagera

Amerika Izogabanya Imfashanyo Itanga muri Afrika


Imfashanyo ya Amerika, igizwe n'imiti ya Ebola, muri Liberiya

Mu gihe Reta irongowe na Prezida Donald Trump wa Amerika iriko iriga uburyo bwo kugabanya imfashanyo isanzwe itanga k’umugabane wa Afrika, ibibazo ni vyinshi ku bijanye n’amafaranga isanzwe ihereza igihugu ca Sudani y’Ubumanuko.

Umugambi washikirijwe na Rex Tillerson, ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu utegekanya kugabanya iyo mfashanyo gushika ku bice mirongo ine kw’ijana, vy’amafaranga Amerika icisha mw’ishirahamwe ryayo USAID.

Stephen Morrison, icegera c’umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe kwiga imigambi mu makungu, avuga ko bigoye kugira Amerika yirengagize ibibazo biri muri Sudani y’Ubumanuko, na rirya ngo ariyo yagize uruhara rukomeye m’ukwikukira kwayo, mu bihumbi bibiri na cumi na rimwe.

Ibiro vya Prezida wa Amerika vyaratangaje mu mpera z’indwi iheze, ko Amerika itegekanya gutanga amafaranga angana n’imiliyoni amajana atandatu na mirongo itatu n'icenda z’amadolari, agenewe gufasha ibihugu vya Sudani y’Ubumanuko, Nijeriya, Somaliya na Yemeni bisanzwe vyugarijwe n’inzara.

Abagize Inama Nshingamateka ya Amerika, ku mpande zose, bamenyesha ko bahakaniye Reta kugabanya ayo mafaranga, bakavuga nyabuna ko azokwongererezwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG