Uko wahagera

Somaliya Igihe Kugarizwa n'Amapfa


FILE - Newly displaced Somali women weigh their malnourished children as they try to receive medical treatment on the outskirts of Mogadishu, Somalia, on April 11, 2017.
FILE - Newly displaced Somali women weigh their malnourished children as they try to receive medical treatment on the outskirts of Mogadishu, Somalia, on April 11, 2017.

Ibibazo bikomeye vy’inzara idasanzwe biravugwa muri Kenya na Somaliya. Aho ni mugihe ibihugu vyo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Afurika bitaronse imvura ikwiye. Ivyo bitangazwa n’ibiro bijejwe kugenduza urugero rw’ibiribwa bihari mu bice bitandukanye kw’isi (Faminie Early Warning Systems Network, FEWS.)

Ivyo biro bimenyesha yuko abantu imiriyoni 2.9 muri Kenya hamwe n’imiriyoni 3.2 muri Somaliya bari ku gipimo ca gatatu canke kirenga, kugipimo gishika kuri gatanu kubijanye n’inzara. Igipimo kigira gatatu gisigura ko hari uruhagarara rutewe n’inzara, gatanu bigasigura kw’igihugu kiba kiri mumapfa.

Peter Thomas umuhinga ajejwe gufata ingingo z’urugero ibihugu bigezeko mubiro vya FEWS avuga ko urwo urugero rwa gatatu rusigura ko hageze aho gutabara imbabare vyihuta.

Mu mwaka wi 2011, aho Somaliya yataganzwa kuba igihugu cari kiri kurugero rw’amapfa, harapfuye abantu ibihumbi 260.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG