Uko wahagera

Intambara ya Nyuma yo Kubohoza Mosul Irakomeye


Igisirikare ca Iraki kirabandanya gutera abagwanyi baharanira Reta ya Kiyislamu basigaye mu gisagara ca Mosul, inzu ku nzu. Aho ni mugihe abategetsi b’igihugu bamaze gutangura guhimbaza intsinzi.

Mu gace intambara iriko iberamwo irakomeye cane kurugero rwaho ibitero vyo mukirere biriko bigigwa n’urunani rw’abasirikare mpuzamakungu bagwanya uwo mugwi bigenda binyeganyeza inyubakwa abasirikare b’igihugu bamaze kwigarurira.

Abasirikare bamenyesheje ko intambara ya nyuma iriko iraba ikomeye cane mu ntambara zose zabaye kuri uwo mugwi. Aho ni mugihe abasirikare ba reta bagenda binjira mumazu yinyegejemwo abagwanyi bambaye amakoti ariko bombe yo kwituritsako.

Aho bwariko buragoroba ejo ku muwi wa mungu, umushikiranganji mukuru wa Iraki Haider al- Abadi kumwe n’akagwi k’abategetsi bamuherekeje I Mosul, batahutse batangaza kw’ico gisagara cabohowe. Abanyagihugu bari baje kwakira abo bategetsi muri ako gace, bari bari mukanyamuneza ntangere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG