Uko wahagera

Turukiya: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Prezida Erdogan


Abanyagihugu ba Turukiyamu myiyerekano yo kwiyamiriza ihohoterwa rikorwa na Prezida Erdogan.
Abanyagihugu ba Turukiyamu myiyerekano yo kwiyamiriza ihohoterwa rikorwa na Prezida Erdogan.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bahuriye mu gisagara ca Instabul, muri Turukiya, mu ntumero yo kwiyamiriza ihohoterwa rikorwa na Prezida Recep Tayyip Erdogan, kubo batavuga rumwe, inyuma y’igikorwa co kugomba gutembagaza ubutegetsi bwiwe, cabaye m’umwaka uheze.

Ibaye imyiyerekano ya mbere yo kwiyamiriza Prezida Erdogan, yitabiriwe n’abantu isinzi, mu kiringo c’imyaka itari mike, inyuma y’aho Reta itereye mu mvuto abantu barenga ibihumbi mirongo itanu, ikongera igakura mu kazi abababa ibihumbi ijana, baregwa ko bagize uruhara mur’ico gikorwa co gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Erdogan.

Iyo myiyamamazo ibaye kandi inyuma y’aho umutegetsi mukuru mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, Kemal Kilicdaroglu, arangirije urugendo rw’ibirometero amajana na mirongo itanu, yakoze I Ankara, inyuma y’aho umucamanza aturuka m’umugambwe wiwe aterewe mu mvuto, m’ukwezi kwa gatandatu.

Prezida Erdogan yaraneguye urwo rugendo, m’ukuvuga ko ubutungane ngo burondererwa mu nama nshingamateka, butarondererwa mw’ibarabara.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi, muri Turukiya bamenyesha ko Reta irongowe na Prezida Erdogan ibandanya gutwaza igitugu. Ni mu gihe abategetsi bobo bemeza ko bikenewe mu ntumbero yo gukingira ibishobora guhungabanganya umutekano wa Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG