Uko wahagera

Abarundi Basabwa Guterera ku Matora ya 2020


Abarundi baba muri Tanzaniya cane cane I Arusha, bahimbaje imyaka 55 iheze igihugu cabo cikukiye kuri uyu wa gatandatu. Kubona babikoze inyuma y’indwi imwe italike yo kuronka intahe y’ukwikukira ibaye, ubuserukizi bw’Uburundi buvuga ko bwari bucitegura neza.

Umuhanuzi wambere muri Ambassade Amos Ndimurwanko yaboneyeho akaryo ko kwibutsa Abarundi ko babwirizwa guterera kugira naho abafasha igihugu batohaba, amatora yo mu mwaka w’2020 azogende neza.

Uwo asanzwe atwara ibiro vy’Ubuserukizi bw’igihugu ciwe biri I Aruha, yahanuye benewabo ko bokwirinda kwifatanya n’abansi b’Uburundi.

Ijambo ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore yarondeye intahe y’ukwikukira naryo nyene ryarumvirijwe mu gacerere ntangere. N’ijambo ryakomerwa amashi adasanzwe kuko abaraho bemeje ko nubu rigifise akanovera.

Abana b’Abarundi barerekanye mu ntambo zabo zitandukanye z’Ikirundi ko batibagiye akaranga k’igihugu. Ndetse n’abaraho bose barabafasha gutanda izo mvyino.

Ni inkuru y'umemenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru uri Arusha muri Tanzaniya

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:38 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG