Uko wahagera

Iraki: Mosul nka Yose Yafashwe


Abasirikare ba Iraki bishimira intsinzi muri Mosul, Iraki

Abasirikare ba Iraki, bavuga ko bagiye gutangaza intsinzi muri Mosul mu masaha make ari imbere.

Urunani rw’abasirikare bariko barwana iyo ntambara bashikirije kur’uyu wa gatandatu ko ata kinini gisigaye kugira bashikire uruzi Tigre.

Mu gatondo ko kur'uyu wa gatandatu nyene, umuvugizi w’igisirikare ca Iraki yashikirije kuri televiziyo y’igihugu ko ibirindiro vy’umwansi bigiye kwigarurirwa, ati intsinzi igiye gutangazwa vuba.

Nawe Birigadiye Jenerali Robert Sofge, wo mu nteko za Reta zunze ubumwe z’Amerika ziriko zifasha mur’urwo rugamba yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ari I Baghdad ko intsinzi igaragara.

Ivyo bivugwa mugihe mundwi iheze, abategetsi ba Iraki batahengeshanya kuvuga ko Umuhari wa reta ya kiyisilamu watsinzwe kandi ko bawusugereje gushika ku nkengera z’uruzi Tigre, ariko ntibabashije gushika ku ntsinzi mu mwanya bategekanya.

Amezi umunani iyo ntambara imaze, yarasambuye igice nka cose ca Mosul. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikaba ryatangaje ko ibikorwa vyo gusanura inyubakwa ziri mu vya nkenerwa vyihuta gusumba ibindi bizotwara amafaranga arenga umuliyaridi w’amadolari y’Abanyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG