Uko wahagera

Ubudagi: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Inama y'Umurwi G20


Abapolisi mu gihugu c'Ubudagi bariko barahangana n'abanyagihugu bari mu myiyerekano
Abapolisi mu gihugu c'Ubudagi bariko barahangana n'abanyagihugu bari mu myiyerekano

Mu gihugu c’Ubudagi abatari bake bakomerekeye mu myiyerekano yabaye kur’uyu wa kane, aho abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi biriwe barahangana n’aba polisi, mu gisagara ca Hambourg.

Abo banyagihugu biyamiriza inama y’umurwi G20, ihurikiyemwo ibihugu vya rutura, itegekanijwe kubera mur’ico gisagara, kur’uyu wa gatanu n’ejo k’umunsi wa gatandatu.

Bivugwa kandi ko bari barindiriye kuva mu ntango z’iyi ndwi ko Prezida Donald Trump wa Amerika ashika mur’ico gisagara. Abari mur’iyo myiyerekano bakavuga ko Prezida Trump ar’umuntu adasanzwe ashobora gutorera umuti ibibazo biri hirya no hino kw’isi.

Iyo myiyerekano yabaye mu gihe Prezida Trump, yariko arabonana na chanceliere w’Ubudagi k’umuhingamo wo kur’uyu wa kane.

Abapolisi bashika kuri mirongo indwi na batanu bakomerekeye mur’iyo myiyerekano, batatu muribo bikaba vyabaye ngombwa ko batwarwa kwa muganga.

Abanyagihugu baharugwa mu bihumbi ijana nibo bari mur’iyo myiyerekano mu gisagara ca Hambourg. Igipolisi catangaje ko abashika ku bihumbi umunani muribo baharugwa nk’abantu bazwi ko batera imidugararo.

Amabarabara y’igisagara ca Hambourg yashwiragijwemwo abapolisi bashika ku bihumbi mirongo ibiri, baje bava mu mihingo itandakanye y’Igihugu, mu ntumbero yo gucungera umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG