Uko wahagera

Igitero Ku Bashingamateka muri Venezuwela


Imigwi y’abitwaje ibigwanisho ishigikiye Perezida Nicolas Maduro wa Venezuwela yaragize igitero ahariko habera inama y’abashingamateka batavuga rumwe na reta, bongera bagira imbohe abantu baharurwa mu majana mu kiringo c'amasaha icenda.

Mur'ico gitero cabaye kur'uyu wa gatatu, abantu 12 barahakomerekeye, muri bo 5 bari abashingamateka abandi bari abakozi b’ibiro vy’inama nshingamateka.

Umuku w’inama nshingamateka, Julio Borges, yatunze urutoke Maduro ko ariwe atuma haba indyane mur'ico gihugu ca Venezuela, aho haheze amezi atari make hari uruhagarara rwa politike n’ubutunzi,

Ivyo vyatumye haduka imyiyerekano igenda ivamwo ubwicanyi hagati y’abashigikiye reta n’abayirwanya. Mur'urwo ruhagarara, hamaze gupfa abantu bashika hafi 100.

Borges avuga ati “ubwicanyi muri Venezuela bwitwa Nicolas Maduro".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG