Uko wahagera

Tanzaniya Isaba Kongo Kurekuza Abantu Bayo 21


Abasirikare ba Kongo, mu ntambara yo gutuza abarwanyi ba Mai-Mai n'umuhari FDRL, mu kiyaya ca Virunga
Abasirikare ba Kongo, mu ntambara yo gutuza abarwanyi ba Mai-Mai n'umuhari FDRL, mu kiyaya ca Virunga

Igihugu ca Tanzaniya cahamagariye Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo kurekura abanyagihugu baco mirongo ibiri n'umwe, batwawe mu mpera z’ukwezi guheze, n’abarwanyi b’umuhari w’aba Mai-Mai, ukorera mur’ako karere ka Afrika yo hagati.

Mindi Kasiga, umuvugizi w’Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu muri Tanzaniya, yatangaje kuri televiziyo ko abo bantu mirongo ibiri n'umwe, bari kumwe n’abanyekenya batatu, bari batwaye imidoka yo m’ubwoko bw’ikamyo, ikorera amashirahamwe abiri yo muri Tanzaniya. Kasiga avuga ko banyururijwe mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko, mu gihe bariko bagana mu kibanza co gucukura ubutare bw’inzahabu, I Namoya, mu ntara ya Maniema.

Igisirikare ca Kongo, gisanzwe kiri mu ntambara n’uwo muhari w’aba Mai-Mai catangaje kur’uyu wa gatatu ko cumi na babiri mur’abo bantu basize ubuzima mur’izo ntambara. Ivyo vyateye uruhagarara Igihugu ca Tanzaniya, arinaho caciye gisaba Reta ya Kongo gufata mu minwe ico kibazo.

Ni mu gihe kandi m’ukwezi kw’icenda, kw’umwaka uheze, abarwanyi b’umuhari w’aba Mai-Mai bari baturiye amakamyo ane ava muri Tanzaniya, bongera banyuruza abadereva bayo umunani, m’ubumanuko bwa Kivu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG