Uko wahagera

Abanyamerika Barashigikiye Ingingo Ya Trump Yima Visa Abayislamu Bamwe Bamwe


US President Donald Trump signs an executive order to impose tighter vetting of travelers entering the United States, at the Pentagon in Washington, Jan. 27, 2017.
US President Donald Trump signs an executive order to impose tighter vetting of travelers entering the United States, at the Pentagon in Washington, Jan. 27, 2017.

Amakuru yatohojwe n’ikinyamakuru co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika citwa Politico, avuga kw’abanyamerika benshi bashigikiye ingingo yafashwe na Prezida Donald Trump, ibuza abanyagihugu bo mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo abaislamu kugendera muri Amerika.

Iyo ngingo ivuga ko kizira guha uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika bita Visa, abanyagihugu bava muri Irani, Libya, Somalia, Sudan, Syria na Yemen, mu kiringo c’imisi 90, ikongera igahagarika umugambi wo kwimurira muri Amerika impunzi mu kiringo c’imisi 120.

Iryo tohoza ryasanze abanyamerika 60% bashigikiye iyo ngingo mu gihe 26% bayiyamiriza.

Abanyamerika bahurikiye mu mugambwe w’abaRepublika 84% barashigikiye iyo ngingo mu gihe 9% aribo bonyenye, batayishigikiye.

Iyo ngingo irashigikiwe kandi n’abanyamerika bigenga, badahurikiye mu migambwe: 50% muribo barayishikiye mu gihe 30% aribo bonyene batayishigikiye.

Abanyamerika bahurikiye mu mugambwe w’abaDemokrate barenga gatoyi 40%, nibo bashigikiye iyo ngingo, mu gihe 46% bayiyamiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG