Inama y’Umutekano ya ONU itegekanya gukora inama yihuta, m’umwiherero, kur’uyu wa gatatu. Iyo nama yatumweko vyihuta na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ikaba igamije kwihweza ibitero vya misile vyakozwe na Koreya ya Ruguru.
Abahinga ba Amerika, muvya gisirikare, bamenyesha ko misile yatewe na Koreya ya ruguru ifise ubushobozi bwo gushika muri Reta ya Alaska ya Reta zunze ubumwe za Amerika.
Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryari ryafatiye ibihano Reta ya Koreya ya Ruguru, yamara bisa nuko ivyo bihano ataco vyashitseko. Igitero ca nyuma cakozwe na Koreya ya Ruguru kikaba cari cateye ishavu Ubushinwa, ari nabwo busanzwe burongoye inama y’Umutekano ya ONU muri kino gihe.
Facebook Forum