Uko wahagera

Amerika Irahimbaza Umunsi wo Kwikukira


Ibirori vyo Guhimbaza umunsi wo kwikukira mu gisagara ca Washington DC, muri Amerika
Ibirori vyo Guhimbaza umunsi wo kwikukira mu gisagara ca Washington DC, muri Amerika

Itariki ya kane z’ukwezi kw’indwi n’umunsi Reta Zunze Ubumwe za Amerika ihimbaza ukwikukira kwayo, umunsi wagizwe uwo guhimbazwa mu gihugu cose kuva m'umwaka w'igihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo ine na rimwe.

Uwo mugirwa wo guhimbaza umunsi wo kwikukira watanguye mu kinjana ca cumi n'umunani. Itariki zibiri z’ukwezi kw’indwi niho Inama nshingamateka k’umugabane wa Amerika yemeza umunsi wo kwikukira. Inyuma y’iminsi ibiri, abaserukira intara cumi na zitatu zari m’ubugerwa, baratoye ibwirizwa rigenga ukwikukira, m’urwandiko rwasohowe na Thomas Jefferson.

Kur’uyu wa kabiri, hano muri Amerika, abantu ibihumbi n’ibihumbi baza kuba bari mu birori vyo kurorera imicanwa irabagiranira mu kirere, mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi ukomeye m’ubuzima bw’Igihugu.

Muri kahise ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, batatu mu bahoze bayoboye Amerika bitavy’Imana kw’ itariki zine z’ukwezi kw’indwi. Abo nabo ni John Adams Prezida agira kabiri wa Amerika, Thomas Jefferson, yanditse urwandiko rugenga ukwikukira, yahavuye aba n’Umukuru w’igihugu ca Amerika agira gatatu, hamwe na James Monroe, Umukuru w’Igihugu ca Amerika agira gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG