Uko wahagera

Boko Haram Yarishe Abantu 9 Inyuruza Abandi 40


Abarwanyi ba Boko Haram bihishije amasura bariko bakira abanywanyi babo barekuwe, inyuma y'aho barekuriye abakobwa b'i Chibok 82 m'ukwezi kwa gatanu umwaka w'2017.

Abategetsi mu gihugu ca Nijeri batangaje ko abarwanyi bikekwa kuba ar’ab’umuhari Boko Haram, bishe abantu icenda, bongera banyuruza abandi batari bake, mu gitero cabaye m’ubumanuko bw’igisagara ca Ngalewa.

Abo bategetsi bavuga ko abantu baje bitwaje ibirwanisho, bari kum’amafarasi, bagiye batwaye abantu bari hagati ya mirongo itatu na mirongo ine, bagizwe ahanini n’abakenyezi hamwe n’abana.

Ico gitero cabaye k’umunsi w’Imana. Abo barwanyi bavuga ko abo banyuruje batazorekurwa bagenzi babo bari mu gasho batarekuwe. Ico gisagara kiri hafi y’icitwa Diffa, ahari habereye ikindi gitero k’umunsi wa gatatu, naco nyene kikaba cari citiriwe umuhari Boko Haram.

Umuhari Boko Haram watanguye ibitero vyawo m’uburaruko bushira ubuseruko, mu bihumbi bibiri n'icenda, mu nyuma wahavuye ukwiragira igihugu cose ca Nijeri. Abanyagihugu bashika ku bihumbi mirongo ibiri baramaze gusiga ubuzima mur’ivyo bitero, nayo abaharurwa mu miliyoni zibiri baraye izabo.

Umuhari Boko Haram uvuga ko urwanira gushinga Reta ya kisilamu m’uburaruko bushira ubuseruko bw’Igihugu ca Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG