Uko wahagera

Prezida Trump Ategekanya Kuganira na Angela Merkel


Prezida Trump (i bubamfu), na Shanseliyeli w'Ubudagi Angela Merkel (i buryo)
Prezida Trump (i bubamfu), na Shanseliyeli w'Ubudagi Angela Merkel (i buryo)

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ategekanya kubonana na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, imbere y’uko inama y’abakuru b’Ibihugu vya rutura itangura, mu mpera z’iyi ndwi.

Steffen Seibert, umuvugizi wa Merkel yatangaje ko umubonano w’abo bategetsi babiri ushobora kuba k’umunsi wa kane. K’urubuga rwiwe rwa Twitter, Prezida Trump yavuze ko yavuganye kw’iterefone na Merkel mu gitondo co kur’uyu wa mbere.

Prezida Trump yatangaje kandi ko yaganiriye na Emmanuel Macron, Prezida w’Ubufaransa, hamwe n’Umushikiraganji wa mbere w’Ubutaliyano, Paolo Gentiloni. Nta vyinshi vyatangajwe n’ibiro vyiwe kur’ivyo biganiro yagiranye n’abo bategetsi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Angela Merkel yatangaje ko ibizovugirwa mur’iyo nama y’abakuru b’Ibihugu bahurikiye m’umurwi G20, bizoba bijanye n’intambara barimwo yo kurwanya iterabwoba mw’isi, yamara ko batarumvikana ku bindi bibazo bazoganirako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG