Uko wahagera

HCR Iratabariza Impunzi n'Abimukira muri Libiya


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho impunzi HCR, biriko biratera akamo umurwi w’ishirahmwe mpunzamakungu ujejwe gufata ibihano, kawusaba kwongereza ibihano amakungu yafatiye igihugu ca Libiya.

Ivyo bihano n'vyo kudashobora kugura ibigwanisho, kugira hinyongereko ibihano bifatiye ku mitahe hamwe n’ibibuza abantu bakora urudandazwa rw’abantu hamwe n’abatyoza agateka k’impunzi, n’abimukira, kugendera mu bindi bihugu.

Raporo y’ibiro vya HCR yasohowe uyu musi ku wa mbere, irerekana ukuntu impunzi hamwe n’abikumira, baburabuzwa mu gihugu ca Libiya. Nico gituma abo bantu bama bariko barafata urugendo mu bwato bubatwara mu gihugu c’Ubutaliyano, baciye muri Mediteranee mu buryo buteye kubiri n’amategeko agenga abimukira.

Raporo zishikirizwa n'ishirahamwe HCR zivuga ko mur’uyu mwaka wonyene, abimukira bashitse mu gihugu c’Ubutaliyano bashika ku 84830. N’ukuvuga kw’ico gitigiri ciyongeye incuro 18% ku co mu mwaka w’2016.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR rivuga kw’abantu bashika 2070 basize ubuzima mur’urwo rugendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG