Uko wahagera

Urugendo rw'Abashingamateka b'Amerika muri Pakistani


Senateri John McCain arongoye umurwi w'abashingamateka b'Amerika ujejwe ibibazo vya gisirikare.

Umurwi w’Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bafise igihagararo gikomeye barongowe na Senateri John McCain kur’uyu w’Imana baragize urugendo muri Pakistani, aho bagiraniye imibonano n’abategetsi bakomeye ba gisirikare.

Iyo mibonano yar’itumbereye gukomeza ubucuti hagati y’ivyo bihugu bibiri, kurwaniriza hamwe iterabwoba no gushigikira amahoro n’umutekano mu gihugu kibanyi ca Afuganistani.

Urwo rugendo rubaye mu gihe reta ya perezida Donald Trump iri mu myiteguro yo gushira ahabona mu mpera z’uku kwezi umukenyuro wayo mushasha igiye gukoresha mu ntambara yo muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG