Uko wahagera

Tedros Yatanguye Amabanga yo Kurongora OMS


Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi mushasha w'Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS, ryitaho amagara y'abantu.
Tedros Adhanom Ghebreyesus, umuyobozi mushasha w'Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS, ryitaho amagara y'abantu.

Umuyobozi mushasha w’Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS, ryitaho amagara y’abantu, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yatanguye k’umugaragaro amabanga yiwe kur’uyu wa gatandatu. Tedros afise ikiringo c’imyaka itanu, akaba yatsindiye ico kibanza mu matora yabaye m’ukwezi kwa gatanu, mw’ihiganwa yahuriyemwo n’abakandida babiri baturuka m’Ubwongereza no muri Pakistani.

Tedros, aturuka muri Etiyopiya, akaba yararanguye amabanga y’umushikiranganji w’amagara y’abantu, hamwe n’imigenderanire y’Igihugu n’ayandi makungu. Abaye umunyafrika wa mbere agiye kuyobora iryo shirahamwe.

Atanguye amabanga yiwe mu gihe kitoroshe, aho iryo shirahamwe rikeneye amafaranga angana n’imiliyaridi zibiri z’amadorali kugira rishobore kurangura imigambi yaryo.

Inyuma yo gutorwa, Tedros Adhanom yatangaje ko kimwe muvyo azoshimikirako mu mabanga yiwe, arugufata ukwivuza nk’agateka ka zina muntu. Avuga kandi ko azoshimikira k’uburyo Ishirahamwe OMS rizokwama ryiteguye kwihutira gutabara mu bihe bidasanzwe, bivuye ko ibiza bitera umwanya uwariwo wose.

Tedros asubiriye Margaret Chan, aturuka mu gihugu c’Ubushinwa, yar’amaze imyaka cumi arongoye iryo shirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG