Uko wahagera

Urugendo Rwa Obama muri Indoneziya


Prezida Joko Widodo dan mantan wa Indoneziya (i buryo), na Barack Obama, yahoze ari Prezida wa Amerika (i bubamfu).
Prezida Joko Widodo dan mantan wa Indoneziya (i buryo), na Barack Obama, yahoze ari Prezida wa Amerika (i bubamfu).

Uwahoze ayobora Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yafashe urugendo rugana mu gisagara ca Jakarta, muri Indoneziya, mu ntumbero yo kwitabira inama vy’abanyendoneziya baba mu mahanga, baje baturuka mu bihugu bishika kuri mirongo itanu na bitanu.

Rubaye urugendo rugira kabiri Obama agize mu gisagara ca Jakarta, aho ku ncuro ya mbere yagarutse ku myaka y’ubuto bwiwe yabayemwo mur’ico gisagara. Yarateye akamo abanyagihugu ko bokomeza ubudasa bw’imico n’idini birangwa mur’ico gihugu.

Obama yatangaje ko azokora ibishoboka kugira ashigikire ubutunzi, biciye mu migenderanire ya Amerika na Indoneziya. Iyo nama yatunganijwe n’uwahoze aserukira Indoneziya muri Amerika, Dino Patti Djalal, avuga ko yizera ko abanyendoneziya baba mu mahanga bashobora kugira uruhara rukomeye m’ukuduza ubutunzi bw’ico gihugu.

Yibukije ko m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu wo nyene, abonyendoneziya baba hanze bashoboye kurungika mu gihugu amafaranga angana n’imiliyaridi cumi n’igice z’amadorari.

Mur’iyo nama, Barack Obama yagarutse ku kibazo c’ihindagurika ry’ikirere, hamwe n’ubuvuzi. Yavuze ko bibabaje kubona Amerika yaravuye mu masezerano y’I Paris, yerekeye ihindagurira ry’ikirere, ariko yateye akamo abar’aho ko ivyo babayemwo muri kahise, vyobabera icirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG