Uko wahagera

Mali: Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Isubirwamwo ry'Ibwirizwa Shingiro


Abanyagihugu bari mu myiyerekano, i Bamako, muri Mali.

K’umurwa mukuru wa Mali, i Bamako, abantu bashika ku biihumbi bibiri bakoze imyiyerekano, kur’uyu wa gatandatu, biyamiriza umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro. Iyo myiyerekano yabaye mu gihe hatunganijwe inama kur’uyu w’Imana, y’abakuru b’ibihugu bahurikiye m’umurwi G5, urimwo ibihugu vya Mali, Niger, Burkina Faso, Mauritanie na Tchad. N’inama kandi iza kwitabirwa n’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron.

Iyo myiyerekano yabaye ata ruhusha, ikurikiye iyari yabaye itariki ya cumi n'indwi z’ukwezi kwa gatandatu, yari yitabiriwe n’abantu isinzi. Ku vyandiko vyabo, abo banyagihugu bavuga ko ata guhindura ibwirizwa shingiro, kandi ko ata gutunganya amatora yo kurisubiramwo.

Isubirwamwo ry’iryo bwirizwa shingiro ribaye irya mbere inyuma y’imyaka mirongo ibiri n'itanu, rikaba ritegekanya gushira mu ngiro bimwe mu vyavuye mu masezerano y’amahoro yateweko igikumu mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, hagati ya Reta n’umurwi w’abarwanyi b’aba touareg bo m’uburaruko bw’Igihugu.

Bitegekanijwe kandi ko iryo subirwamwo ry’ibwirizwa shingiro rishiraho inama nkenguzamateka nshasha hamwe na sentare ijejwe gucungera ikigega ca Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG