Uko wahagera

Ibisigarira vya Mwambutsa wa IV Vyasubiye Gushingurwa mu Busuwise


Umwami Mwambutsa mu birori vyo kwikukira
Umwami Mwambutsa mu birori vyo kwikukira

Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa kane vyasubiye gushingurwa uno musi ku wa gatanu mw'itongo ry'abapfuye ryo mu ntara ya Geneve, mu burengero bw’igihugu c’Ubuswise.

Ivyo n’inyuma y’imyaka itanu y’urugamba rukomeye muri sentare hagati y’impande zibiri zo mu muryango wiwe ku vyerekeye ahoshingurwa ibisigarira vyiwe.

Ibirori vy’ugusubira gushingura ibisigarira vyiwe vyabaye hagati y’abantu bamwegereye mu gihe ingingo z’umutekano zari zafashwe.

Ivyo vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abasuwise, ATS.

Umukobwabo Esther Kamatari , yari yarashingishije urubanza rw’uko Mwambutsa atotahukanwa mu Burundi, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ari intsinzi ikomeye ku baryango b’umwami n’Uburundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:01:12 0:00

Umwami Mwambutsa yatembagajwe ku ngoma mu mwaka w’i 1966 inyuma y’imyaka mirongo itanu yar’amaze ku ngoma. Yahungiye m’Ubusuwise aho yatanga mu mwaka w’i 1977.

Yari yashinguwe mw'itongo ry'ahitwa Meyrin, hafi y’igisagara ca Geneve.

Mu rwandiko yari yasize, yari yashatse kw’ikiziga ciwe kitajanwa m'Uburundi uko vyari kuba kwose.

Yamara ibisigarira vyiwe vyari vyakuwe mu kibanza yari yashinguwemwo mu mwaka w’i 2012, bisabwe, n’umwe mu bana biwe, Rosa Paula Iribagiza , na Reta y’Uburundi kugira bisubizwe m'Uburundi, aho vyari vyitezwe kw’ashinguranwa iteka n’icubahiro ku rwego rw’igihugu.

Yamara Esther Kamatari, umukobwabo wa Mwambutsa wa kane yararwanije itahukanwa ry’ibisigarira vyiwe.

Sentare yo muri canton ya Geneve yumviye Esther Kamatari mu ngingo yayo yafashe mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze w'2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG