Uko wahagera

Prezida Trump Azobonana na Prezida Putine mu Nama ya G20


Prezida Turmp wa Amerika (i bubamfu), na Prezida Putine w'Uburusiya (i buryo).

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika azogirana umubonano wiwe wa mbere na Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya, mu nama y’Umurwi G20, itegekanijwe kubera mu gihugu c’Ubudagi m’ukwezi kuza. Ivyo vyatangajwe n’umuhanuzi muvy’umutekano H. R. McMaster.

McMaster ntaco yavuze ku bijanye n’uko, mur’uwo mubonano, abo bategetsi babiri bazoganira ku vyerekeye ukwivanga kw’Uburusiya mu matora y’Umukuru w’Igihugu ca Amerika yabaye m’umwaka uheze. Yavuze ko ata rutonde ruzwi rw’’ivyo bazoganira.

Uwo mubonano uzoba ubaye mu gihe hari amatohoza atari make ariko arakorwa na Amerika k’Uburusiya. Ni mu gihe kandi ibiro bijejwe iperereza vya Amerika vyemeje ko Uburusiya bwagize uruhara mur’ayo matora. Yamara muvyashikirijwe, nta kigaragaza ko ivyo har’ico vyahinduye muvyavuye mur’ayo matora. Prezida Poutine akaba yarahakanye ivyo birego vyose.

Bamwe mu bategetsi ba Amerika bipfuza ko Amerika yokwinuba Uburusiya mu gihe hakiriko harakorwa amatohoza, yamara Prezida Trump na bamwe mubo bakorana bamenyesha ko bipfuza k’uwo mubonano uba, mbere bakaba bakakba bariko baranatunganya ibiganiro vy’abamenyeshamakuru, hamwe n’amanama y’abasanzwe bakorana n’ivyo bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG