Uko wahagera

USA: Itegeko Rishasha ku Bihugu Bituyemwo aba Isilamu


Umunyagihugu wo muri Yemeni, yankiwe kwinjira k'ubutaka bwa Amerika, bivuye kw'itegeko rishasha rifata ibihugu bituyemwo aba isilamu
Umunyagihugu wo muri Yemeni, yankiwe kwinjira k'ubutaka bwa Amerika, bivuye kw'itegeko rishasha rifata ibihugu bituyemwo aba isilamu

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko iriko iratunganya amategeko mashasha ku bijanye n’ingenzi zituruka mu bihugu bitandatu, bituyemwo aba isilamu. Ayo mategeko yerekeye uburyo abo banyagihugu, mu gihe co gusaba impapuro z’ingenzi, visa, bategerezwa kuba bafise umuntu wo m’umuryango wabo, canke ishirahamwe rikorera muri Amerika, kugira bashobore kuronswa izo mpapuro.

Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba Amerika kur’uyu wa kane, aho bavuze kandi k’uburyo abakozi bo mu biro biserukira Amerika bategerezwa kuvyifatamwo, ku bihugu vya Irani, Libiya, Somaliya, Sudani, Siriya na Yemen. Ayo mategeko yatanguye gushirwa mu ngiro isaha zibiri z’umugoroba, kur’uyu wa kane.

Abo bategetsi batangaje kandi ko umuntu wese yategekanya gufata urugendo rugana muri Amerika imbere y’itariki zitandatu z’ukw’indwi, arekuriwe kuzokwinjira. Yamara ko inyuma y’iyo tariki, abazofata urugendo bazokorwako n’iryo tegeko.

Abategetsi ba Amerika bamenyesha kandi ko hashinzwe iminsi yo kubuza impunzi kwinjira k’ubutaka bwa Amerika, mu kiringo c’iminsi ijana na mirongo ibiri, co kimwe n’igitigiri c’impunzi zishika ku bihumbi mirongo itanu zari zemerewe kwinjira muri Amerika, kiretse abasanzwe bahafise incuti ya hafi. Imigenderanire y’urudandaza itegerezwa kuba ifise urwandiko rwemewe n’amategeko.

Prezida Donald Trump amenyesha ko hakenewe urutonde, mu ntumbero yo gucungera umutekano wo hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG