Uko wahagera

Ubufaransa: Igipolisi Catesheje Umuntu Yagomba Guseka Abantu


Igipolisi mu gihugu c’Ubufaransa catangaje ko har’umugabo yafashwe ariko aragerageza gusekesha imodoka yar’atwaye abantu bari hanze y’umusigiti, mu gisagara ca Paris. Nta numwe yakomerekeye mur’iyo mpanuka, yabaye kur’uyu wa kane.

Igipolisi kivuga ko nyene gutwara iyo modoka atashoboye kurengana uruzitiro rwari hirya no hino y’uwo musigiti. Ikinyamakuru le Parisien, catangaje ko uwo mugabo yavuze ko yar’afise intumbero yo kwihora ibitero vy’abiyahuzi b’umurwi wa Reta ya Kisilamu, vyahitanye abantu batari bake mur’iyi myaka iheze, mu gisagara ca Paris.

Mu ndwi iheze, har’umuntu yishwe, abandi batari bake barakomereka mu gihe imodoka yo m’ubwoko bw’ikamyoneti yagonga abantu bariko bava m’umusigiti, mu gisagara ca Londres, m’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG